Ntukwiriye kurebera umuntu mu bibazo arimwo ejo hiwe hazwi n’Imana

- Yakobo yitegereje Yosefu yamubonamwo umwana mwiza
- Benewabo bitegereje Yosefu bamubonamwo karosi w’imburakimazi
- Ingenzi zitegereje Yosefu zamubonamwo umugurano
- Potifari yitegereje Yosefu yamubonamwo umukozi mwiza
- Muka Potifari yitegereje Yosefu amubonamwo uwo bashobora gukorana ivyaha
- Abarongoye ibohero bitegereje Yosefu bamubonamwo umufungwa

Mbega ukuntu abo bose bihenda kuri Yosefu!

- Imana yitegereje Yosefu yamubonamwo umushikiranganji wambere wa Egiputa muri kazoza

Ntugacibwe intege nivyo abantu bakubobamwo ahubwo uterwe intege nico Imana ikubonamwo.

Ntugakengere umuntu ubona hafi yawe kuko ntuzi ico Imana yamushizemwo.

Umukozi wawe ashobora kuba muri kazoza azoba umurongozi (DG) w’ishirahamwe rizoha akazi umwana wawe. Umukozi wo murupangu iwawe ashobora kuzovamwo umukuru w’igihugu muri kazoza.

Wibuke ko Dawidi yasizwe amavuta yo gutoranywa kuba umwami yari umwungere w’intama. Esiteri yari impfuvyi iri ngaho mugabo azovamwo umwamikazi muri kazoza

Reka dusangire urukundo rw’Imana kandi iyi si tuyigire ahantu heza ho kuba.

Source: Social media