Kugira wa mutima wari muri Kristo Yesu/ Ev.Ernest (Bujumbura)

Ndabaramukije mu izina rya Yesu, nongera kubatumirira kuri aya mazimano y’Umwami. Jewe nitwa Ernest ndi umukozi w’Imana atuye i Bujumbura mu gihugu cy’u Burundi. Murambabarira gose iki kirundi kiza kubagora gusoma ku batakizi ariko Umwuka arabasobanurira mu izina rya Yesu.

Dusangire ijambo rivuga ngo" Mugire wa mutima wari muri Kristo Yesu"Abafilipi 2:5.

1. Buriya naho tubona abantu baremye kumwe kandi bafise ingingo zimwe z’umubiri buriya baratandukanye. Hariya umuntu bamubajije ngo umuntu ni iki? canke ngo umukristo ni iki? hariho abo vyogora kwishura.

Ururimi bita igifurero rwo muri Kongo nibo bavuze ngo "Imitima igabalala magalaga agasigara" bisobanura ngo imitima izoguruka (gusanganira Yesu) ariko imibiri yo izosigara! Buriya umutima niwo uba umukristo umubiri ukurikira inzira umutima wawuciriye, kandi umuntu aba mu mutima.

2. Hariho umutima ufise inyota yo guhimbara abantu, uwo mutima wibaza ko abantu nibomubona neza Imana nayo izoca imbona neza. Iyo uwo mutima uri wonyene atabantu bawubona kenshi uhira inama mbi yo gukora icaha icarico cose kuko abantu batawubona , uwo mutima ugiriye inama umuntu yo kwihora icaha yakorewe, yooo! arabikora gose mbese abinezererewe, kwiba akumva ya kwiba pe, gusambana akumva yabikora gusa akabura uwomuhenura, kugwana akumva mu maraso ye yagwana gusa Imana yamurinze uwamubanza ikofi nka ririya bakubise Yesu(Yohana 18:22-23), Bipfa kuba bitamenyekana mu bantu bamuzi ko akorera Imana.

Umutima w’uwo ni ikiragi (muet) ntaco umubwira co kwihaniza uwo muntu ntaze arimbuka no mw’itorero abantu nkabo babayo.

3. Umutima wari muri Kristo Yesu ni umutima w’urufatiro, wo kureberaho. Imana ihamagarira abantu bayo kugira uwo mutima niwo utanga umurongo muvyo gukiranuka, uwo niwo ubwiririkanya ni Umwuka wera yavuye ku Mana;ushobora kwihanganira icarico cose.

4. Igihe mperuka i Kigali mu kwezi kwa gatanu; hariho ikintu najya nsoma ahantu henshi nangura ga mbese nacumva henshi ngo vision 20-25 (Icyerekezo) n’abakozi b’Imana benshi twabonanye numva bavuga ngo bafite za Vision (intumbero) z’umurimo w’Imana;ego ni vyiza ariko tuvugana ukuri none ko u Rwanda rufise vision (iwacu mu kirundi bayita imbono)z’iterambere kubizoshira;none abatoranijwe ntiborushiriza kugira vision (intumbero) y’ubugingo bwabo buzohoraho.

Sinzi ko twoyita 20-25;ariko ikigoye nuko tutazi umunsi canke isaha Yesu azogarukiraho.

5. Vision (Intumbero) y’ubugingo bwawe mbere bisaba ico twakwita "kwimenya" 2Abakorinto 13:5.

Kubera iyo muri kristo ufise urugezo rwo kwimenya biramworohera kugira intumbero y’ubugingo bwawe (developpement spirituel);atari vision y’ubugingo bw’abandi hanyuma ubwacu tukabwibagira.
Ntivyumvikana ko nteza imbere ahantu n’abantu ariko ugasanga kenshi turiyibagira.

6. Kuko Yesu yavuze ngo ubutumwa butegerezwa guhera i Yerusalemu kugira bushobore gutandukira ibindi bisagara, tubanze tugume i Yerusalemu bisobanura ko butanguriye ahandi atari i Yresalem (atari muri twe) buzoba bubaye ubutumwa busohotse mbere y’igihe mu gifaransa bita Evangile avorté.

Ikindi umuntu natanga abo munzu iwe azoba yihakanye ukwizera; umuntu atagize vision (icyerekezo) muri we no mu nzu iwe (mu mutima we)ashobora ate kugira vision ya Ministere mbese y’itorero ry"Imana gute?

7. I Yerusalem niho uronkere vision (icyerekezo) k’ubugingo bwawe; ukabona neza uwo uri we; yewe!!! ni ububi bwawe bwose (ukinjira neza muri wowe; ukimenera impuri, muri kiriya cyumba cyugaye kenshi kibitse ivyo twita ibintu by’agaciro les; aho niho dukura uyo mutima wari muri Kristo Yesu.

Erega bivugwa ngo plus tu te rapproches du seigneur plus tu découvres tes propres péchés bivuze ngo uko urushaho kwegera Yesu niko urushaho kwimenyaho ibyaha byawe (Abaheburayo 12:1).

8. Abenshi baza bagira (icyerekezo) vision z’ibikorwa vy’Imana yamara bo bakiyibagira yooo! Mana udutabare; ubwose hari usinziriye yokanguta mugenzi we asinziriye ntivyokunda!

Ububyutse ntibushoboka hatabaye ico kintu "vision k’ubugingo"kandi umuntu ku giti cye, ku ruhara gumumwe, ku bahamagawe n’Umwami kuzokora ikanguro (ububyutse).

Hategerezwa kubanza kuboneka mu bakozi wa mutima wari muri Kristo; n’umutima Imana yifuriza abantu bayo. Bibiliya ivuga ko Yesu ari urutare(roc) mu gusuzuma umukozi we araba ko hari icyo uhuriyeho n’urwo rutare.

9. Iyo umuntu amaze kuronka uyo mutima nivyo bihamagara Imana bigatuma itokwihangana kwiyerekana; kuko ni ivyiyumviro vyo mu muntu birahinduka (pensées) bikaryohera Imana;ivyo niyumvira biyiryohere: nanje nzokwama nezerewe uhoraho (Zaburi 104:34).

10.Yesu abahezagire kandi Umwuka wayo abigishe vyinshi muri iri jambo; mumbabarire gose ki kirundi kiza kubagora gusoma. Iminsi dushigaje ku isi; duhorane vision k’ubugingo bwacu .Amen