Dukwiye kumenya abo turibo! Musoni Désiré

Turi bande?

Esiteri 3:8 / 1 Petero 2:9-11
Hanyuma Hamani abwira Umwami Ahasuwerusi ati “Hariho ubwoko bwatatanye bunyanyagira mu mahanga yo mu bihugu utegeka byose. Amategeko yabwo ntahura n’ay’ayandi mahanga kandi ntibumvira amategeko y’umwami, ni cyo gituma nta cyo byunguye umwami kubihanganira.

Nkuko tubisanga muri aya majambo dusomye Hamani yabwiye umwami Ahasuwerusi, hari ibintu bishika kuri bitanu yavuzemwo vyaranga ubwoko bw’Imana bwaba muri kino gihugu:

1. Un peuple unique (ubwoko bwisa)
2. Un peuple dispersé (ubwoko busabagiye)
3. Un peuple qui reste à part (ubwoko butivanga n’ayandi mahanga
4. Un peuple avec des lois différentes de celles des autres peuples ( ubwoko bufise amategeko atandukanye n’ayandi mahanga)
5. Un peuple qui n’applique pas les lois du Roi ( ubwoko butubahiriza amategeko y’umwami w’ico gihugu)

Turabire hamwe kimwe kimwe muri ibi vyaranga ubu bwoko, turabe nico twebwe ba kino gihe vyotwigisha.

1. Ubwoko bwisa canke budasa n’abandi.

Nk’abantu twamenye Imana ntidukwiye gusa nabatarayimenya kuko dufise umuco wa Kristo muri twebwe (1 Ab’i Tesalonike 5:5). Ubutandukane bwacu n’abandi butegerezwa kubonekera mukubaho kwacu kwa misi yose (Matayo 7:20).

2. Turi ubwoko busabagiye hirya no hino kw’isi.

Niko biri umugeni wa Kristo ari kw’isi hose mwibuke ko Yohana yabonye abantu bavuye mu mahanga yose, indimi zose kuri wa murwa (Ivyahishuriwe 7:9). Ariko naho dusabagiye, mbere ntitumenyane muburyo bw’umubiri twese turi ingingo za Kristo.

3. Turi ubwoko butivanga nayandi mahanga.

Aba bisirayeri naho bari mumahanga ntibivanga nayo. Mwibukeko uyu Hamani yabivuze yari umunyamahanga kuribo! Niwe yabishingiye intahe. Niko natwe dukwiye kuba na cane cane ko dufise igikorwa kitoroshe co kuzana abandi kuri Kristo, ningombwa ntitwivange nabo, ntiduse nabo, ntitugende nkabo. (Abaroma 12:1-2)

4. Turi ubwoko bufise ivyagezwe canke amategeko adasa n’ayabisi.

Mukubaho kwacu kwa misi yose amategeko atugenga aratandukanye cane nabo tubamwo bataramenya Imana. Nico gituma kenshi batwita ibijuju cnk abasazi. Biterwa nuko uko twifata kubera ibitugenga bo batabitahura. Akarorero gasanzwe; umuntu akubise ikofe uwundi aca amusubiza mugabo twebwe Ijambo ry’Imana ridusaba guhindukiza uwundi musaya nawo bawukubite. Umuntu akoreye ikibi uwundi aca amwishura ikibi ariko twebwe twigishijwe gukunda abansi bacu no kubagirira neza mugishingo co kubasubiza ikibi batugiriye(Matayo 5:44).

5. Turi ubwoko butubahiriza amategeko y’umwami w’iyi si ariwe satani.

Twamaze kubonako twebwe abakijijwe dufise ivyagezwe vyacu bitugenga, nico gituma tutubahiriza amategeko ya satani. Ntidushobora gukorera abami babiri, uwo twahisemwo ni Yesu nico gituma twubahiriza ico Ijambo ry’Imana ridusaba.

Nagira ndangize ndakubaza akabazo:
Mbega vy’ukuri usanze uri nde? Usanze uri mubwoko bwibera ukwabwo, butivanga, butubahiriza amategeko ya satani ....?

Biroroshe kubivuga ariko igikomeye ni KUBIBAMWO mugabo kandi birashoboka kuko dushobozwa na Kristo yatubambiwe.

Yesu aduhezagirane

Mweneso Musoni Désiré / Agakiza family Burundi